Leta Zunzubumwe za Amarika ziyemeje guha uburyo abasoda b'abarundi barungitswe muri Somalia. Jenerari WilliamWad, umunyamerika asanzwe ari icegera c'umukuru w'inteko z'abasoda b'abanyamerika bari mw'ishirahamwe ry’ibihugu vya Bulaya OTAN, aherutse kwemerera umukuru w'igihugu c'Uburundi n'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, ko leta Zunzubumwe za Amerika zigiye guha uburyo abasirikare b'abarundi bimirije kurungikwa muri Somalia.
Uburundi bwimirije kurungika muri Somalia abasoda igihumbi n'amajana indwi. Umushikirangnji ajejwe kwivuna abansi, Liyetena Jenerari Germain Niyoyankana avuga kw'abasirikare biwe bafise ubwenge, ubuhinga, n'ubukerebutsi bukwiye bwo kurangura neza igikorwa co guhagararira amahoro kibajanye muri Somalia.
Ariko ngo ingorane bafise zihagaze ku buryo bujanye n'ico gikorwa.
Ugwego gwa gisirikare mu Burundi ruhurikiyemwo abahoze mu gisoda c'igihugu, n'abavuye mu migwi yahora igwanya leta y'Uburundi. Ivyo bikaba bishimisha leta Zunzubumwe za Amerika. Mu nama n’imibonano umunyamerika William Wad aherutse kugirana n'abategetsi b'Uburundi, yasavye umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi mu Burundi ngo atunganye urutonde rw'ivyo abasirikare bagiye gukorera muri Somalia bakeneye.
Tubitutse ko Leta Zunzubumwe za Amerika zananiwe kugarukana amahoro muri Somalia mu mugambi bise "Restaure Hope" n’ukuvuga kugarukana umwizero. Mur’iki gihe, ibihugu vya Afrika biriko biragerageza gufasha kugarukana amahoro mur'ico gihugu kigwiriyemwo imirwi myinshi igwanira ubutegetsi, irimwo n’iyishimikiza ivyiyumviro vy’idini rya Islamu.