Ibihugu bisangiye ikiyaga Tanganyika vyarashinze urwego rujejwe kwitwararika ineza y’ico kiyaga. Ibihugu vya Zambia, Tanzania, Republika ya Congo Iharanira Demokarasi n'Uburundi bisangiye ikiyaga Tanganyika, bimaze imisi bikoraniye i Bujumbura, mu biganiro vyo kurabira hamwe icokorwa kugirango ikiyaga Tanganyika gikingirwe ingorane ziva ku nyifato yo kutubahiriza ibidukikije.
Abitavye ivyo biganiro, basanze ikiyaga Tanganyika kibangamiwe cane n'ibikorerwa mur'ivyo bihugu bijanye n’ubuzima bw’ico kiyaga, bigatuma amazi agenda aragabanuka, ubuzima bw’ibikoko vyinshi ibiba muri Tanganyika (amafi, indagara n'ibindi) bukononekra gushika naho bimwe bipfa. Ivyo bihugu vyose uko ari bine vyiyemeje guhagurukira ico kibazo.
Mu bikorwa ugwo rwego rwashinze, Uburundi bujejwe gukurikirana ibidukikije; Tanzania kijejwe gukurikirane ivyerekeye uburovyi; Congo kizoraba ivyerekeye imigambi y’ubutunzi; Zambia naco gikurikirane ibindi bikorwa birangurirwa mu kiyaga Tanganyika.
Kubera ko abari mu nama batashoboye kwumvikana ku kibanza c’icicaro c’urwo rwego, ico kibazo baciye bagishikiriza abakuru b'ibihugu