Uko wahagera

Abasirikare ba Afrika y'Epfo Bagiye Gusubira mu Burundi


Ku musi wa gatatu, igenekerezo rya 28 z’ukwezi kwa kabiri, Ishirahamwe ry'Ibihugu vya Afrika na reta irongowe na nyakwubahwa Petero Nkurunziza bashize ibikumu ku masezarano yo kurungika abasirikare b’igihugu ca Afrika y'Epfo mu Burundi.

Abo basirikare bazoba bagiye gucungera umutekano w'abategetsi b'umuhari Palipehutu FNL, hamwe n'abahoze ari abagwanyi ba Rwasa Agahton. Umushikiranganji Antoinette Batumubwira yaserukiye reta y’Uburundi mur'ivyo birori, yasiguye kw’ivyo vyerekana ko umutekano urama uriko uraboneka mu Burundi.

Amasezerano hagati ya reta y’Uburundi n'umuhari Palipehutu FNL amaze indwi imwe gusa atanguye gushigwa mu ngiro, bikibonekeza kw’ico gikorwa kitoroshe, kuko hakiriho ukwinubana. Igikorwa co kuvanga abagwanyi ba Rwasa Agathon n'aba reta nti kirashoboka, abarongoye umuhari Palipehutu FNL nabo nti barashobora kunyeguruka ngo baje ahabona.

Afrika y'Epfo n'ibindi bihugu vyo muri Afrika n’ahandi vyarafashije mu masezerano yagiye aremezwa mu Burundi. Umuhari Palipehutu FNL ukaba ariwo wonyene utari bwashire hasi burundu ibigwanisho.

XS
SM
MD
LG