Uko wahagera

Imfashanyo y'Igihugu ca Misiri mu Burundi


Mu ntumbero yo kugarukira ku Barundi bashika imiriyoni zibiri babangamiwe n'inzara, ku musi wa gatatu igenekerezo rya 28 z’ukwezi kwa kabiri, indege y'igisoda yo mu gihugu ca Misiri yururutse ku kibuga c'indege ca Bujumbura, mu gitondo isaha zibiri n'iminota mirongo itatu, ijanye imfashanyo z'ibifungurwa.

Iyo mfashanyo y'amatoni cumi, igizwe n'amasupageti, amatomati yo mu makopo, ifu y'ibigori, umuceri, n'isukari. Iruhande y'ivyo bifungurwa, igihugu ca Misiri cemeye guha Uburundi imiriyoni mirongo irindwi z'amadorari y'abanyamerika, agenewe kubandanya kugaburira ababangamiwe n'inzara. igihugu ca Misiri cemeye kandi gutanga imiriyoni mirongo ibiri z'amadorari zo kugurira imiti abagwaye.

Iyo mfashanyo yishura akamo reta y'i Bujumbura yateye amakungu, muri kino gihe abarundi barenga umuriyoni n'ibihumbi amajana atandatu bashobora guhitanwa n'inzara. Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano, jenerari majoro Evariste Ndayishimiye yakiriye iyo mfashanyo, yarashimiye cane igihugu ca Misiri, ariko arongera avuga kw'imfashanyo zikenewe ari nyinshi cane.

Ibiharuro vyanyuma ngo vyerekana kw'intara zose z’Uburundi zibangamiwe n'inzara mu miryango myinshi. Igikorwa co gutanga imfashanyo kiramaze gutangura kandi ngo kigenda neza n'aho hari abajejwe intwaro mu nzego zo hasi rimwe na rimwe banyuruza imfashanyo z'abanyagihugu, ahandi naho izo mfashanyo zikaboneka ku masoko.

Umushikiranganji Evariste Ndayishimiye ahimiriza abarundi kurima, avuga ati "ukira inzara arayirimana". Iruhande y'imfashanyo y'ibifungurwa, reta y'Uburundi yiyemeje gutanga imbuto. Inzara iramaze gutuma abantu benshi bata izabo, imiryango igasambuka, abana nabo bagata amashuri.

Uretse imfashanyo z'ibifungurwa n'ugufasha mu kunagura uburimyi mu Burundi, igihugu ca Misiri kiramaze gufasha mu vyerekeye igiporisi n'igisirikare. Mu ndwi zibiri ziri imbere, ico gihugu kigiye kuzorungika indege ya gisirikare, izozana imyambaro n'ibindi bikoresho vy'abasoda n'abaporisi.

XS
SM
MD
LG