Uko wahagera

Uburundi n'Ikibazo c'Umutekano mu Makungu


Uburundi burabandanya kurungika abapolisi mu bihugu birangwamwo umutekano muke. Inyuma ya Soudani, Uburundi bwaraye burungitse abaporisi b'amapete yo hejuru mu gihugu ca Cote d'Ivoire. Mu kwezi kuza naho, Uburundi butegekanya kuzorungika abasirikare muri Somalia.

Abo baporisi buriye indege kur'uwu wa kane, bafise amapete ya jenerari, koroneri, na majoro. Abategerezwa kuja muri Cote d'Ivoire ni cumi n'umunani, ariko batanu muribo baragize ingorane zijanye n'impapuro z'inzira, kuko icuma kizikora kimaze imisi carapfuye.

Ku kibuga c'indege ca Bujumbura, akanyamuneza kari kose ku bagiye gukorera ishirahamwe mpuz'amakungu ONU rihemba amafaranga ashimishije.

Mu baporisi bagenzi babo bari babaherekeje, harimwo Jenerari Alain Guillaume Bunyoni arongoye ugwego gw’igiporisi. Jenerari Ndaryiyumvire Salvator arongoye abo baporisi, avuga kw'ari iteka ku Burundi n'Abarundi bose.
Ngo ntibajanywe no kugwana. Igikorwa bazoba bashinzwe kuzoba uguhagararira amahoro, no kwigisha abagize igiporisi co muri Cote d'Ivoire. Mu baporisi cumi n'umunani barungitswe, harimwo abakenyezi babiri.

Kugira urutonde rw’abarungikwa nti vyoroshe, ariko inyuma y'igikorwa co kwihweza amadosiye, hamwe n'ibibazo vyatanzwe, harabonetse urutonde ruhurikiyemwo abahoze mu gisoda c'Uburundi n'abavuye mu migwi yahoze igwanya reta.

Amasaha mirongo ibiri n'ane imbere y'uko burira indege, umwe umwe wese yahawe bibiliya. Ivyo bigasigura ko bategerezwa kwitonda, bakubaha Imana, amategeko, n'akazi bajejwe.

Tubibutse k'Uburundi bumaze kurungika abaporisi bababa mirongo itanu mu ntara ya Darfur muri Soudani. Abo bapolisi barungitswe kw'izina ry'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.

Mu kwezi kuza naho, Uburundi bwiteguriye kuzorungika abasirikare bashika amajana umunani muri Somalia, bakazoba bagiye kw'izina ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ariko intagondwa z'aba islamu bo muri Somalia ziramaze kugabisha Uburundi ko butohirahira ngo burungike abo basirikare. Leon Masengo

XS
SM
MD
LG