Uko wahagera

Umuhari Palipehutu-FNL Wagiriza Umuhuza Charles Kwegamira k'Uruhande rwa Reta


Mu rwandiko umuhari Palipehutu-FNL ya Rwasa Agathon wasohoye kur'uwu wa gatatu 31 Nzero 2007 i Dar-ES-Salaam, Rwasa Agathon yagiriza Charles Nkouakura, umunya Afrika y'Epfo ahuza reta y'i Bujumbura n'umuhari Palipehutu-FNL kumvira reta y''i Burundi gusumba.

Mur'iryo kete Rwasa Agathon avuga kw'ari co gituma amasezerano ataja mu ngiro. Ahanini ashimikira ku bantu babo bagipfungiwe mu biro vy'iperereza mu Burundi kandi vyari bitegekanijwe ko barekurwa kw'igenekerezc rya 27 Nzero.

Amasezerano hagati ya reta y'i Bujumbura n'umuhari wa Rwasa Agathon yemejwe kw'igenekerezo rya 7 Nyakanga 2006 ariko ntarashobora kuja mu ngiro. Impande zose ziguma zagirizanya ko zitayubahiriza.

Aho bita i Randa, mu ntara ya Bubanza, abagwanyi bagegeranirijwe bamaze imirima y'ibigori y'abanyagihugu. Abanyagihugu basaba ko bokwimurirwa ahandi, abo na bo bagasabwa kugaburirwa.

Umuhari Palipehutu-FNL uvuga k'uharanira agateka k'ubwoko bw'Abahutu mu Burundi ni wo utarashobora gushira ibigwanisho hasi burundu. Abagwanyi bawo baracari mw'ishamba.

XS
SM
MD
LG