Uko wahagera

Abanyarwanda Benshi Babandanya Bahungira mu Burundi, mu ntara ya Cibitoke.


Abanyarwanda ibihumbi bitanu ni bo bamaze kwakirwa mu ntara ya Cibitoke, mu buraruko bushira ubuseruko bw'Uburundi. Izo mpunzi kenshi zinjira zinyegeje.

Burumatari w'intara ya Cibitoke, Samson Ndayizeye, yemeza kw'Abanyarwanda babandanya gushika kandi ngo kenshi binjira binyegeje. Abahunga ngo bavuga ko bahunga "Gacaca" n'iterabwoba bagiriza abategetsi.

Abajejwe intwaro Mu Burundi ngo barafise ingorane zo kubakira. Muri kino gihe bari mu gikorwa co kubasigurira ko bategerezwa gusubira iwabo.

u mwaka uheze Abanyarwanda ibihumbi n'ibihumbi barahungiye mu Burundi, binjirira mu ntara ya Ngozi. Ntibashoboye kuronka uburenganzira bwo kuba mu Burundi. Benshi basubizwa inyuma ku nguvu.

Abajejwe ivy'agateka ka zina muntu baranebaguye uko kwirukana impunzi ku nguvu.

XS
SM
MD
LG