Uko wahagera

Abarundi Birukanwa Muri Tanzania


Igihugu ca Tanzaniya kimaze igihe cirukana ku nguvu Abarundi bagirizwa ko baba mur’ico gihugu batabifitiye uruhusha. Abirukanwa ngo basiga inyuma ivyabo vyose.

Abakenyezi b’Abarundikazi bari mur’abo bantu ngo birashika mbere bagafatwa ku nguvu mur’ico gikogwa co kubirukana.

Benshi mur’abo bakenyezi bari barabiriwe n’abagabo b’aba Tanzania, baravyarana n’abana. Ariko ngo igihe birukanwa muri Tanzania, bavuyeyo imbokoboko, abagabo babo barabimye abana, babasiga muri Tanzania.

Abo bakenyezi agahinda bafise ntikagira uko kangana nkuko mugenzi wacu Leon Masengo abitubwira yashoboye kuganira na bamwe mur’abo Barundi birukanwe muri Tanzaniya, ubu bakaba bari ahitwa i Kobero, mu Burundi.

Iyi nkuru k’uburyo burambuye haruguru.

XS
SM
MD
LG