Ikoraniro rusangi rihuza amakungu ku bibazo bibangamiye umuryango w'isi irabandanya i Nairobi ku murwa mukuru w'igihugu ca Kenya. Iyo nama mpuzamakungu iganira ku bibazo bibangamiye abantu baba kuri iyi si.
Leopold Ndizeye n'Umunyarwanda yemeye gufasha gutegura iryo koraniro, akaba avuga ko icatumye afata iyo ngingo ku gushaka kwiwe ari ukubera y’uko ibibazo bibangamiye abantu baba kuri iyi si nawe nyene bimuraba.
Ndizeye avuga ko yumvise afise inyota yuko nawe yoyigiramwo uruhara. Ngo ni co catumye aja gukorera iryo koraniro ata n'agahembo abanje gusaba. Ngo yumva ko yagize uruhara mu gutanga intererano yiwe ku bibazo bibangamiye abantu baba kuri iyi si.
Iryo koraniro ku bibazo bibangamiye abanyagihugu baba kuri iyi si ryatanguye kw'itariki mirongo ibiri n'imwe y'uku kwezi kwa mbere, ikaba yihweza ibibazo bitandukanye, nk'ibibazo bijanye n'uburenganzira bw'ikiremwa muntu, ibibazo bijanye na politike hamwe n'ibidukikije.
Ico Ndayizeye yibazako kizova muri iryo koraniro ngo n’uko abantu bose baje kugira uruhara muri iyo nama bafise ico bazokwunguka cane. Ngo abari muri iryo koraniro bazogira ico bahindura mu bice baje bavamwo.
Ikiganiro kirambuye haruguru.