Uko wahagera

Ishirahamwe “Foundation For International Medical Relief Of Children” Rivuza Abana


Ishirahamwe mpuzamakungu rifasha abana bakitswe n’amagara mu kubavuza, ryashizweho mu mwaka w’ ibihumbi bibiri n’ umugwi w’ abaganga i Washington DC, muri Amerika. Rikorera mu gisagara ca Philadelphie, mu ntara ya Pennsylvania, n’i Washington.

Iryo shirahamwe ryubaka amavuriro mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, rikavuza abana kwa gusa abana bafise imyaka gushika kuri mirong’ ibiri n’ umwe.

Umushingantahe Jeffry Dalitsio ni icegera c’umuyobozi mukuru w’ iryo shirahamwe. Mu mezi ahezi yakorera ahitwa Mbale, mu gihugu ca Uganda, ku birometero bitandatu, mu buseruko bw’umugwa mukuru Kampala. Dalitsio yarakoze cane mu karere k’ ibiyaga binini, cane cane mu Rwanda, no mu buseruko bwa Republika Iharanira Demokrasi ya Congo.

Dalitsio avuga ko har’ ibintu bibiri bihambaye iryo ishirahamwe akorera ritangurirako mu kurangura ivyo ryishinze.

Ica mbere n’ukwubaka amavuriro mu gihugu rigiye gukoreramwo, ugushira hamwe umugwi w’abakozi, kubaronsa ibikoresho vyose bakeneye n’amafaranga bakenera ku kwezi kugira bashobore kurangura imirimo yabo.

Ica kabiri naco ngo n’ ukuronka abaganga bakorera ubuntu bemera kuja gukora mu mavuriro iryo shirahamwe ryubatse mur’ ivyo bihugu bikenye.

Ikiganiro kirambuye kuri Foundation For International Medical Relief Of Children haruguru.

XS
SM
MD
LG