Uko wahagera

Abantu 5 Bagirizwa Umugambi wo Gutembagaza Inzego Basohotse Ibohero


Abantu isinzi bari bishikiye ku Mpimba kwirabira n'ukwakira abaherutse kwambikwa izera n'ubutungane bwo mu Burundi, bakera ku caha gikomeye co gushaka gutembagaza inzego.

Irekurwa ry'uwahoze ari umukuru w'igihugu, Damitien Ndayizeye, n'icegera ciwe, Alphonse Marie Kadege, ryitabwe n'abanywanyi b'umugambwe FRODEBU na UPRONA kuko bava muri iyo migambwe.

Amafoto ya Melchior Ndadaye, aya Domitien n'imyambaro y'umugambwe FRODEBU
vyaboneka cane. Imvyino z'Imana n'izo guhayagiza abarekuwe zibutsa umuntu imisa canke ibikorane bikomeye. Kw'ibohero ryo mu Mpimba kari akanyamuneza kenshi cane.

Abarekuwe bari bamaze amezi atanu n'indwi zibiri mw'ibohero. Bavuga ko bagiye kwitura ubutungane,bagasaba indishi y'akababaro.

Mur'urwo rubanza abantu babiri basigaye mu munyororo ariko barafise ububasha bwo kunguruza. Abasigayeyo bose ababuranira reta babafata kw'ari isura zagiriza abandi.

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika rirashima ingene urubanza rwarangiye. Mw'itangazo ryasohorewe i Bujumbura iryo shirahamwe rivuga kw'ari intsinzi y'amateka n'ubutungane, eke ngo ni intsinzi y'Abarundi n'inzego z'igihugu zipfuza guteza imbere demokarasi.

Ibiro vy'uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU na vyo nyene birashima kubona urwo rubanza rurangiye.

XS
SM
MD
LG