Uko wahagera

Abantu 54 Baramaze Kwicwa n'Inzara muri Marangara, mu Ntara ya Ngozi


Ikiza c'inzara kiramaze kwiha inkumbi mu ntara nyinshi z'igihugu c'Uburundi.

Abajejwe intwaro ntibashima gutanga ibitigiri vy'abamaze kwicwa n'inzara, ariko musitanteri wa komine Marangara, imwe mu zigize intara ya Ngozi, mu buraruko bw'Uburundi, aremeza kw'abantu mirongo itanu na bane bamaze gupfa
kubera inzara.

AImiryango irenga amajana ane na mirongo itanu na yo iramaze guhungira mu gihugu c'Urwanda. Abandi batazwi neza igitigiri bahungiye muzindi ntara z'Uburundi nk'uko Jean Bosco Makera abivuga.

Umukuru w'igihugu ubwiwe, mu mpera y'iyi ndwi irangiye, yarashize umukono kw'itegeko ritomora neza intara abanyagihugu basinzikajwe cane n'inzara. Izo na zo ni indwi kuri cumi n'indwi zigize Uburundi. Itegeko rivuga intara za Cibitoke,Ruyigi, Ngozi, Bubanza Karusi na Kayanza.

Mur'iryo tegeko nyene Perezida ategeka abanyagihugu bataba mur'izo ntara kwifadikanya mu kiringo c'amezi ane n'abasinzikajwe n'inzara. Abashingamateka, abakenguzamateka, abashikiranganji n'abafise icubahiro c'abashikiranganji bazotanga ku kwezi ibice umunani kw'ijana vy'umushahara.

Abandi bakozi, baba abigenga canke abakorera reta barenza umushahara w'ibihumbi ijana, bazotanga amafaranga arenga ibihumbi umunani. Abaporisi n'abasirikare bazosabwa amafaranga yababa ibihumbi umunani n'amajana atanu.

Abakozi badashikana ibihumbi ijana ku kwezi co kimwe n'abanyagihugu baba mu ntara zidasinzikajwe n'inzara basabwa amafaranga ijana ku kwezi.

Amashirahamwe matomato y'abigenga azotanga ibihumbi ijana ku kwezi, ayabayabaye ibihumbi amajana abiri, ayisununuye ibihumbi amajana atanu.

Itegeko rya Perezida Petero Nkurunziza risaba abandi bantu bose, ababa mu gihugu, hanze y'igihugu n'abanyamahanga gufasha uko bashoboye mu gutanga amafaranga canke ibindi.

Ishirahamwe PAM ryari risanzwe rifasha mu gutanga ibifungurwa riramaze kumenyesha ko ryarengewe. Igitigiri c'abakenewe gufashwa mu Burundi ngo gisigaye ari umurengera. PAM mbere iherutse guhagarika gutanga imfashanyo y'ifungurwa mu mashure.

Ivyo bishobora kuzogira ingaruka mbi ku nyigisho. Muri kahise vyaribonekeje ko PAM ihagaritse imfashanyo abanyeshure batakurikirana ivyigwa neza, abatari bake mbere bakaba barafatwa na ya ndwara y'igituntu ituruka kenshi ku gudafungura neza.

Kuva intambara itanguye mu Burundi ivyerekeye uburimyi vyagiye bisubira inyuma. Mu myaka irangiye naho, iyo uruzuba rumena agahanga rutatse, imvura y'umurengera ica yonona ibiterwa.

XS
SM
MD
LG