Uko wahagera

Mu Burundi Impfuvyi n'Abapfakazi Bagiye Kwiga ku Buntu


Mu mashuri, yaba aya reta canke ayigenga, nta faranga na rimwe rizosubira gusabwa
impfuvyi canke abapfakazi.

Ivyo biri mu ngingo umukuru w'igihugu, Petero Nkurunziza, aherutse gufata mu ntumbero yo korohereza abanyagihugu.

Iyo ngingo ntitomora neza impfuvyi izo ari zo, uretse kw'ivuga ko ari ababuze abavyeyi bose. Iyo ngingo ntitandukanya impfuvyi z'intambara, iz'ikiza sida canke izindi.

Iyo ngingo kandi ntivuga n'ivyerekeye imyaka, ari naho bamwe bibaza kw'impfuvyi ifise imyaka mirongo ine, abana, abuzukuru n'uburyo bukwiye yokwemererwa kwiga ku buntu.

Abafise amashure yigenga bavuga kw'iyo ngingo y'umukuru w'igihugu itoroshe gushira mu ngiro. N'aho igitigiri c'impfuvyi n'abapfakazi kitazwi neza mu Burundi, benshi baremeza kw'ari kinini cane. Abatwenza bavuga kw'abafise abavyeyi ari bo bake ku batabafise. Imvo nyamukuru ni intambara, ikiza sida, indwara nyinshi, n'ubukene buteye ubwoba.

Hamwe iyo ngingo yashirwa mu ngiro, reta ikarihira impfuvyi n'abapfakazi, igihugu casohora amafaranga menshi ataboneka neza iyo yova. Abihweza ibintu n'ibindi bagereranya iyo ngingo na zimwe zerekeye ukwigisha abana ku buntu mu mashure y'intanga n'ukuvuza abana bari musi y'imyaka itanu n'abakenyezi bibungenze. Izo ngingo zafashwe ata mashure, ibitaro n'imiti bikwiye bihari nk'uko vyagiye biribonekeza.

Abatavuga rumwe na reta bamwe bavuga ko Perezida Petero Nkurunziza yemera ibirago atajisha, abandi bati ni ukwitiranya gutwara n'ukwiyamamaza.

XS
SM
MD
LG