Uko wahagera

Umupfasoni Alice Nzomukunda na Politike y’Uburundi


Mu bibazo bimaze igihe bivugwa cane kurusha ibindi mu Burundi harimwo abamenyeshamakuru bafatwa bagasambishwa, n’ abandi batawe mu mvuto, abantu bagirizwa ko bariko bategura gutembagaza inzego z’ igihugu, n’ihonyangwa ry’agateka ka muntu. Abantu bamwe bagiriza umukuru w’ umugambwe uri ku butegetsi ko yisuka mu vyerekeye intwaro y’ igihugu kandi ari we atoteza abo batavuga rumwe.

Mur’abo bantu bashira ayo makosa ku mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, harimwo umupfasoni Alice Nzomukunda, yahoze ar’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ubu akaba yaratanze imihoho.

Umupfasoni Nzomukunda ni we mukenyezi wa mbere yajejwe amabanga y’ icegera c’umukuru w’igihugu mu Burundi. Avuga ko yafashe ingingo yo kuva mur’ayo mabanga yarajejwe kubera yabonye ko reta itariko irakora ivyo yemereye abanyagihugu igihe bayitora.

Umupfasoni Nzomukunda aranebagura yivuye inyuma umukuru w’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi, avuga ko ari we abereye intambamyi demokrasi n’iterambere ry’igihugu.

Yamara reta y’Uburundi irahakana ivyo vyagirizo, ivuga ko umukuru w’igihugu ari we arongoye inzego zose z’ igihugu.

Ikiganiro kirambuye n'Alice Nzomukunda haruguru

XS
SM
MD
LG