Uko wahagera

Uburundi Buriko Buranaguka mu vy'Ubutunzi


Leta y'Uburundi itangaza ko intambwe ziboneka ziriko zirashikwako ku vyerekeye inaguka ry'ubutunzi inyuma y'imyaka irenga cumi igihugu camaze mu ngwano.

Yamara mu kiganiro yagiraniye na mugenzi wacu Fidele Niyongabo, umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ry'abadandaza n'abikorera ku giti cabo, Cyrille Sigejeje, avuga ko, naho leta yafashe intambwe zikomeye mu vyerekeye gutuma ubutunzi busubira kunaguka, ngo haracari ibitari bike bigikenwe kurangugwa.

Sigejeje avuga ko bishobora gufata iyindi myaka ibiri kugira igihugu c'Uburundi cerekane intambwe ziboneke z'iterambere mu butunzi. aremera ko hamwe utwigoro tw'ukugarukana amahoro n'umutekano n'ugutuma imirimo y'ubudanjani igenda neza twobandanya, ngo mu kiringo c'imyaka ibiri harashobora kuba intambwe ziboneka.

Sigejeje avuga ko ubukene bugikwiragiye mu gihugu. Ibimenyetso biboneka vyerekeye ukunaguka kw'ubutunzi bitaribokeneza, umuntu aravye nk'ivyerekeye gusanura ivyononekaye. Ngw'akarorero nk'amabarabara menshi umuntu arabona ko atasubira gusanugwa.

Sigejeje aratanga kandi akarorero k'ivyerekeye ingenzi. Akaba avuga ko ingenzi zitaraza ari nyinshi kugendera U burundi, ngo uruja n'uruza rukomeye ku kibuga c'indege ntibiribonekeza.

Ngo umuyagankuba n'ikindi kibazo kikomeye. Iterambere ngo rijana n'umuyagankuba. Ngo mu gihe adafise umuyagankuba ukwiriye, amahinguriro ntashobora gukora neza.

Ku bwiwe ngo ivyo vyose bizofata umwanya kubera igihugu cataye vyinshi.

Ku vyerekeye iyemeregwa ry'Uburundi mw'ishirahamwe ry'ugufashanya mu vy'ubutunzi ryo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, umushingantahe Sigejeje avuga ko ari ikintu ciza kuja hamwe. Ngo nta nkeka ko bizogira ingaruka nziza ku butunzi mu Burundi.

Ikiganiro kirambuye na Cryille Sigejeje haruguru.

XS
SM
MD
LG