Kw’ igenekerezo rya mbere mur’ uku kwezi kwa cumi na kabiri, war’ umunsi mpuzamakungu wo kugwanya ikiza c’ ingwara ya Sida, umusi ishirahamwe mpuzamakungu rifasha abantu kw’ isi kwibuka no kwihweza ukugene amakungu ageramiwe na Sida.
Mur’ iki gihe, abantu bashika ku miriyoni 40 barafise uwo mugera, benshi muri bo n’ abakenyezi n’ abana bashobora kuba baronka imiti mikeyi canke batayironka na gatoyi.
Yamara reta z’ ibihugu n’ amashirahamwe y’ abanyagihugu n’ ay’ abikorera utwabo arabandanya kugerageza kugwanya ico kiza bishigikiwe n’ ikigega mpuzamakungu co kugwanya Sida, Global Fund, ari naco kigega kinini cane gifasha imigambi yo kugwanya Sida.
Ibindi bisobanuro kuri iyi nkuru haruguru.