Uko wahagera

Ishirahamwe Iteka Risaba Reta Kubahiriza Agateka ka Zinamuntu.


Mu gihe amakungu ahimbaza imyaka mirongo itanu n'umunani irangiye hemejwe amategeko agenga ivy'agateka ka zinamintu kw'isi, ishirahamwe riharanira agateka ka zinamuntu Iteka ryagiriza reta ko hakiriho abantu bicwa, abandi bagapfungwa kubera ivyiyumviro vyabo canke batavuga rumwe na reta.

Ishirahamwe Iteka ritanga akarorero k'abantu bishwe i Muyinga mu buraruko bw’Uburundi bagirizwa ko bakorana n'umuhari Palipehutu-Fnl; abandi ngo bishwe bamaze imisi bapfungiwe mu gasho ko muri komine Kinama, mu gisagara ca Bujumbura. Abo bose ngo bicwa kenshi n'abajejwe intwaro canke umutekano w'abanyagihugu.

Ishirahamwe Iteka risaba reta kwikebuka, igashira imbere na ntaryo agateka ka zinamuntu.

Ishirahamwe Iteka ariko rirashima ingingo za reta zo kuvura ku buntu abana bari musi y'imyaka itanu n'abakenyezi bibungenze, n'ugushira mu nzego abakenyezi.

XS
SM
MD
LG