Uko wahagera

Sida Irabangamye mu Burundi.


Ibiharuro bishigwa ahabona n'umugambi wa reta ujuejwe kugwanya sida mu gihugu vyerekana kw'ibice birenga mirongo irindwi kw'ijana vy'ibitanda mu bitaro nka vyose vyo mu gihugu biriko abagwayi ba sida.

Abana ibihumbi mirongo ibiri bari hagati y'imyaka ubusa na cumi n'itanu bagendana umugera wa sida. Mur'abo bana amajana atatu na mirongo ibiri
bo nyene nibo baronka imiti ya gupfupfahaza. Abagore bari ibihumbi mirongo ibiri n'icenda bari hagati y'imyaka ubusa na mirongo ine n'itanu bagendana umugerawa sida.

Ikiza sida mu Burundi kimaze kugira imfuvyi abana ibihumbi amajana umunani. Ibisigi vy'abavyeyi babo kenshi biribwa na barundi canke incuti.

Mu Burundi hari amashirahamwe menshi agwanya ikiza sida ariko kenshi bayagiriza ko aho gufasha abagwaye afasha ubwa mbere abayashinze. Mu buzi bwinshi abagwayi ba sida ntibarabwa ryiza, abagwaye na bo kuronka akazi ntivyoroshe. Abagendana umugera babandanya basaba amategeko abakingira.


XS
SM
MD
LG