Uko wahagera

Uburundi Bushobora Gufuta Igihano co Kwicwa mu Mwaka Utaha.


Igitabo mpanavyaha kigiye guhindugwa mu mezi ari imbere. Integuro y’ibitegerezwa guhinduka vyakozwe n’abahinga indwi banonosoye
ivy’amategeko babifashijwemwo n’ikigo giharanira
agateka ka zinamuntu mu Burundi.

Ibishasha bigiye gushigwa mu gitabo mpanavyaha kiriko kirategugwa ni ugufuta igihano co gupfa, gutegekanya ibihano bijanye n’ivyaha vy’ihonyabwoko, iterabwoba, gusizikariza ubuzima bw’umuntu, kunuruza amatungo ya leta, n’ukurya ibiturire ; vyose bishimikira ku ntwaro ibereye.

Mu gitabo gishasha mpanavyaha bitegekanijwe kandi kw’abana n’abakenyezi bakingirwa cane cane muguhana ivyaha vy’ugufata abakenyezi ku nguvu n’ugukingira ipfungwa ry’abana bakiri bato.

Ico gitabo gishasha cashikirijwe ubushikiranganji
bw’ubutungane mu ntango y’uku kwezi kwa munyonyo; mu mezi ari imbere ubwo bushikiranganji na bwo bugategura integuro y’itegeko rirungikwa mu nama nshingamateka.

Mu Burundi, imigwi y’abantu ntihuza ku vyerekeye
igihano co kwicwa. Bamwe bavuga ko cofutwa, abandi bati amabi yakozwe ni menshi, uwishe na we nyene yokwicwa, kandi Abarundi baracari kure mu vyerekeye agateka ka zina muntu.

XS
SM
MD
LG