Uko wahagera

Inama kw'ihindagurika ry'ibihe i Nairobi muri Kenya


Inama kw'ihindagurika ry'ibihe iriko iraba muri iki gihe ku murwa mukuru w'igihugu ca Kenya, Nairobi. Izorangira kw'italiki cumi n'indwi z'uku kwezi kw'icumi na rimwe.

Kubera mu ngaruka mbi z'ihindagurika ry'ibihe harimwo n'ubugaragwa, umunya Kenyakazi Wangari Maathai yatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel yasavye amakungu gutera ibiti umuliardi mu mugambi yatanguje mu nama y'ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U kw'ihinduka ry'ibihe.

Mugenzi wacu Fidel Niyongabo yarakwirikiranye ivyerekeye iyo nama.

XS
SM
MD
LG