Uko wahagera

Umunyamerika Howard Wolpe Ariko Yigisha Imigambwe yo mu Burundi Gutwara ku Neza y’Abanyagihugu.


Intumwa idasanzwe ya leta zunze ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Howard Wolpe, ariko yigisha abanyamigambwe bo mu Burundi kubana n’ugutwara neza. Inyigisho ziriko zibera mu ntara ya Gitega, mw’iseminari nkuru yitiriwe Papa Yohani Paulo wa kabiri.

Imigambwe munani, ari yo CNDD-FDD, CNDD, FRODEBU, UPRONA, PARENA, INKINZO, RPB na MRC ni yo yitavye izo nyigisho. Ibitangw bishimikira ku gutwara ku neza y’abanyagihugu, intwaro ibereye, guteza imbere igihugu n’ugusangira ubutegetsi.

Mu Burundi amabi yagiye arashika kenshi yava ku Gukumirana. Muri bino bihe naho biribonekeza kw’inyuma y’amatora yashikanye umugambwe CNDD-FDD ku butegetsi abatari mur’uwo mugambwe baciye bakombogwa mu mabanga yabo. Akazi nako gatangwa hisunzwe imigambwe, ubwenge n’ubukerebutsi bigashigwa inyuma.

Gukorera abanyagihu si vyo biraje ishinga abategetsi kuko havugwa cane ibiturire n’ukunyonora amatungo y’igihugu.

XS
SM
MD
LG