Uko wahagera

Umushikiranganji wo Kugwanya Sida mu Burundi Asaba Abashingamateka Gusiramuza Abana Babo


Imbere y’Inama nshingamateka iri mu bikorwa bisanzwe vyo kurangiza umwaka, umushikiranganji wo kugwanya ikiza sida, Barnabe Mbonimpa, yerekanye kw’Abarundi babangamiwe n’ico kiza.

Uburundi buza ubugira kabiri inyuma y’igihugu ca Republique Centrafricaine mu bihugu bisinzikajwe na sida muri Afrika yo hagati. Muri Afrika yo museruko uburundi bugira kane.

Iyo ndwara itagira umui iramaze gutikiza inganda. Impfuvyi zitabwa ku ngoyi ziharurwa mu bihumbi amajana abiri na mirongo umunani (280.000).

Umushikiranganji Barnabe Mbonimpa yemeje abashingamateka kw’Abarundi bari mu bantu bakunda guhuza ibitsina. Mu mwaka hakoreshwa udufuko two kwikingira ikiza sida imirioni mirongo ibiri na zitanu. Ariko ntibibuza kw’ico kiza kibandanya ciyongera.

Umushikiranganji wo kugwanya sida mu Burundi yasavye abashingamateka gusiramuza abana babo no kubihimiriza abandi Barundi babatoye. Aviuga ko ari kimwe mu vyofasha kugwanya sida.

Ikindi yasavye ni ukuja imbere mu kwerekana akamaro ko kwipimisha. Avuga ati: «Umuntu yipimishije bagasanga agwaye aca aronswa imiti ku buntu».

Abashingamateka bavuga ko sida ibandanya yiyongera kuko ata politiki itomoye ikoreshwa mur’iyo ntumbero kandi ngo ntanyigisho zikwiye zitangwa.

Mu Burundi sida yiyongera kandi kubera ko n’abavyeyi batinya kuganira n’abana ivyerekeye sida, n’ubukene buratuma iyo ndwara idahagarara.

XS
SM
MD
LG