Uko wahagera

Abanyarwanda Bahoze Bakora mu Burundi Bagiye Kuronka Amafaranga Baheraniwe.


Umurwi w’Abarundi urimwo ahanini abakozi bo mu bushikiranganji bw’abakozi ba leta no mu bushikiranganji bw’indero umaze imisi wihweza ikibazo c’Abanyarwanda basubiye i wabo basaba amafaranga ajanye n’ugukukuruka canke ayo bagiye barabikirwa ku gashahara kabo.

Abo Banyarwanda baharurwa mu gihumbi n’amajana atandatu nk’uko ibiharuro vyo mu bushikiranganji bw’abakozi ba leta bivyerekana.

Emmanuel Nduwarugira, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’abakozi ba leta, avuga ko bitoroshe guharura amaherayabo, ariko ngo ni igikorwa gitegerezwa kurangira vuba. Ku bakukuruka ngo biramaze kumenyekana k’Uburundi butegerezwa kuriha imiriyoni ijana na mirongo itatu n’umunani.

Amategeko agenga abakozi ba leta mu Burundi ategekanya k’umukozi agenda aziganya ibice bitatu vy’umushahara wiwe ku kwezi ku kwezi. Ayo mafaranga ategerezwa gusubizwa, ariko abo Banyarwanda batahutse basaba k’umukoresha na we yotanga ibice bine n’inusu ku kwezi ku kwezi, ari naho bisa n’uko batumvikana.

Inyishu ya nyuma kur’ico kibazo izoboneka neza na neza mu nama itegekanijwe i Kigali mu Rwandu ku ma genekerezo ya 4 na 5 Kigarama.

Abarundi n’Abanyarwanda bari kandi mu biganiro bitoroshe vyerekeye imbibe aho Urwanda rusaba amakomine atanu ari mu buraruko bw’Urundi.

XS
SM
MD
LG