Uko wahagera

Ruswa muri Hong Kong


Abaserukira amashirahamwe y’abagira imirimo y’ubudandaji b’abanyamahanga babonako igisagara ca Hong Kong ari kimwe mu bisagara birimwo ruswa nke kw’isi. Ivyo vyatumwe n’iterambere rikomeye mu vy’ubutunzi. Igisagara ca Hong Kong carageramiwe n’ikibaco c’ibiturire cari caratse indaro mur’ico gisagara haraheze imyaka mirongo ine. Mur’iki kiganiro ku vyerekeye ubutunzi tubaganirira ku vyatumye igisagara ca Hong Kong gihinduka.
Haraheze imyaka mirongo ine, imigwi y’inkozi z’ikibi zari zizwi kw’izina rya, “Triads”, abapolisi bazikingira, n’abategetsi ba leta barangwa na ruswa, bararya umutima abantu badandaza utwabo mu masoko, mu kubaka amafranga ku nguvu kugira bashobore kubandanya kugurisha ibidandazwa vyabo.
Abanyagihugu bo mu ntara ya Hong Kong bavugako iyo yari imisi mibi, igihe kurya ibiturire vyibonekeza mu buzima bwa misi yose, mur’iyo ntara yari yakolonijwe n’Ubwongereza, haba kurondera uburenganzira bwo
kugendesha imodoka, kuronka ibibanza mu mashule, koronka amazu, n’ukwimenyekanisha.
Umwigisha wo kw’ishule kaminuza King Tsao, umuhinga mu vyerekeye ikibazo ca ruswa, kuri kaminuza yo muri Hong Kong, yariboneye ukurya ibiturire mu gipolisi.
Avuga ko yibuka igihe yar’akiri muto, igihe yajana n’umuvyeyi wiwe kw’isoko, ko yabona abapolisi barengana, bagenda baraka amafranga abagurisha ibidandazwa.
Nta bwoba bari bafise bw’uko hari uwushobora kubabona akabitangako raporo. Babona ko ar’ibintu bisanzwe, biri mu kazi kabo. Yamara ibiro vy’igipolisi vyari vyitezwe ko botohoza ruswa, abantu bakaba ataho bashobora kwitura.
Yamara ivyo vyarahindutse igihe haba imyiyerekano y’abantu isinzi mu mwaka w’1973, inyuma y’uko umukuru w’igipolisi, yariko aratohozwa ku vyerekeye ibiturire ico gihe yahunga intara ya Hong Kong.
Leta y’abongereza yari ihari mur’ico gihe, yategerejwe gufata ingingo zikomeye, harimwo gushiraho amategeko akomeye agwanya ruswa, n’ugushiraho ibiro vyigenga bijejwe kugwanya ibiturire, “Independent Commission Against Corruption”, canke I.C.A.C, mu ncamake.
Muri iki gihe, Hong Kong n’intara iteye imbere bikomeye mu vy’ubutunzi, aho ruswa yaranduranywe n’imizi. Benshi bibaza ko ivyo vyatewe n’igikogwa c’ibiro bijejwe kugwanya ruswa, “I.C.A.C”. Kubera ibiro, “I.C.A.C”, vyahawe ububasha bukomeye nk’ubwigipolisi bwo gutohoza, gufata abikekwa ruswa n’ugufata amatungo yabo, vyatumye bisambura imigwi y’inkino z’inkozi z’ikibi, zari zikingiwe n’igipolisi, vyongera birakwirikirana abategetsi ba leta barangwa na ruswa.
Ibiro I.C.A.C bitangazo ko mu mpera y’imyaka yi 1970, ruswa yari yagabanutse ku birenga ibice mirongo itanu kw’ijana.
Rebecca Li, icera c’umuyobozi w’ibikogwa vy’ibiro I.C.A.C, avugako ivyo biro, kuva mu ntango, vyafashe ingingo zikomeye z’ukugwanya kurya ibiturire mu gushira mu ngiro amategeko akomeye agwanya ruswa, gushiraho uburyo butuma abantu birinda kurya ibiturire, hamwe n’uguha abanyagihugu inyigisho zijanye n’ukugwanya ruswa. Umupfasoni Li avuga ko Leta y‘intara ya Hong Kong yahaye ibiro, I.C.A.C, uburyo buhagije bw’ugutuma birangura neza imirimo yavyo.
Arongera akavuga ko n’abanyagihugu babashigikiye cane mu vyagize uruhara rukomeye mu kurandurana n’imizi ikibazo c’ibiturire. Avuga ko icatumye intara ya Hong Kong ihinduka, ar’ugushaka gukomeye kw’abayibamwo, kwatumye bafatira ingingo ikibazo c’ukurya ibiturire.
Ruswa n’icaha gikoregwa mu kinyegero. Ngw’iyo Ibiro bijejwe kugwanya ibiturire muri Hong Kong, I.C.A.C, bidakorana n’abanyagihugu mu gutanga raporo ku vyerekeye ruswa, ngo urugamba rw’ukugwanya ruswa nti bari kurutsinda.
Mu ntango abantu bari bafise ubwoba bw’uguha ibiro I.C.A.C raporo ku vyerekeye kurya ibiturire, yamara mur’iki gihe, ngo bitatu kuri bine vya raporo zishikirizwa nti zikigigwa mu mpisho.
King Tsao, umwigisha kw’ishule kaminuza ya Hong Kong, yanonosoye ivyerekeye ikibazo ca ruswa n’abandi bahinga, bavuga ko kurandurana n’imizi ikibazo ca ruswa mu ntara ya Hong Kong cabaye kimwe mu bintu vyatumye haba iterambere rikomeye mu butunzi bw’iyo ntara. Nta kibazo abanyamitahe bagira c’ukujana imitahe yabo muri Hong Kong. Baba bazi ko amafranga yabo atazoja mu mifuko y’abategetsi ba leta, nkuko biba mu bihugu bimwe bimwe vyo mu karere ka Asia.
Tsao avuga ko ibindi bihugu vyo mu karere ka Asia aho ruswa yatse indaro, bishobora gukura ivyigwa ku ntara ya Hong Kong. Yamara avuga ko kugira amategeko akomeye ashigwa mu ngiro, gushigikigwa na leta n’abanyagihugu vyonyene ubwavyo bidakwiye. Ngo intara ya Hong Kong yararonkeje kurushiriza abanyagihugu bayo ibikomeye bakeneye, nk’amazu, n’ukwiga amashule kuri gusa, ibintu bitaboneka cane mu myaka yi 1960, ku buryo abantu barukira ibiturire kugira bashobore kuvyironsa.
Yamara naho intara ya Hong Kong yagize intambwe zikomeye cane mu rugamba rw’ukugwanya ruswa, abategetsi b’iyo ntara baracabandanya urwo rugamba. Abantu baridoga bavuga ko ruswa iriko iribonekeza mu mashirahamwe y’abikorera utwabo. Yamara abantu benshi barishimiye ubushobozi bw’ibiro bijejwe kugwanya ruswa, bw’ukugwanya bikomeye ayo masoko mashasha y’ukurya ibiturire n’ugukingira iterambere rikomeye mu vy’ubutunzi intara ya Hong Kong yashitseko bitoroshe.

XS
SM
MD
LG