Uko wahagera

Alain Mugabarabona ku kibazo ca cout d'etat


Alain Mugabarabona, umukuru w’umugambwe FNL Icanzo, avurwa yuko ariwe ari mu batanze urutonde rw’abashatse gutembagaza inzego, ahishura yuko ibiro bikuru bijejwe ipereza ari vyo vyateguye ikinyoma co guhirika ubutegeti mu Burundi, kugira bwikureko abanyepolitique bose batavuga rumwe na leta.

Mugabarabona avuga yuko yabigize kuko mu biro bikuru bijejwe ipererza bamusiguriye yuko mu gihe atovyemeje, bazoca bamwicira umuryango wiwe wose. Ivyo akaba yabivuze haraye hinjiye mw’ibohero rikuru rya Mpimba, uwahoze atwara Uburundi Domosiyo Ndayizeye, nawe avurwa mur’uwo mugambi wo guhindura intwaro yatowe n’abanyagihugu.

Muri make, bamwe mubakozi bo mubiro bikuru vy’ipereza, basaba uyo Alain Mugabarabona kwagiriza, Domisiyo Ndayizeye yahoze atwara Uburundi, uwahora ari icegera ciwe Alphonse Marie Kadege, Déo Niyonzima, Isidore Rufyikiri, abasirikare nka Colonel Damien Ndarisigaranye, Niyoyunguruza, Niyungeko, cane cane ntasige inyuma Alice Nzomukunda, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.

Alain Mugabarabona aho afungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aremeza yuko umukuru w’igihugu bamuhenze, agaca yemera imbere y’abarundi n’amakungu yuko hari abantu bashatse gutembagaza intwaro arongoye.
Ariko gushika ubu, nta nkuru nimwe itomoye ivuga neza na neza yuko habaye canke hatabaye akagwi kashatse guhirika ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza.

XS
SM
MD
LG