Uko wahagera

Inama mpuzamakungu ku kiza ca Sida, Toronto canada


Kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika kw’igenekerezo rya 18 ry’ukwezi kw’umunani, mu gisagara ca Toronto, mu gihugu ca Canada, harakoraniye inama mpuzamakungu igira iya 16, yariko yiga ikibazo c’ingwara ya Sida. Abashakashatsi, abategetsi bava mu bihugu bitandukanye, abanyagihugu barongoye abandi mu mihana yabo, abantu bajejwe guharanira agateka k’abantu bagwaye canke bagendana umugera wa Sida, hamwe n’abantu bagendana umgera wa Sida, baragiye hamwe mu mugambi wo guhanahana ivyiyumviro ku buryo bwo gutuza ikiza ca Sida, hamwe no gushikiriza ubuhinga bwo kugwanya Sida bumaze gutorwa.
Ijambo nyamukuru mur’iyo nama, ryabaye cane cane gutera akamo kavuga ko ubu ari igihe co gufata ingingo, atari igihe co kubandanya gushikiriza amajambo ku vyerekeye uburyo bwo kugwanya ikiza ca Sida.

Mu buryo hamwe n’ingingo vyashikirijwe mu mugambi wo kugwanya Sida, harimwo ibikwikira:
1. Guha ubushobozi bukomeye abafasoni mu vyerekeye ubutunzi hamwe no mu vyerekeye gufata ingingo mu miryango no mu mihana yabo.
2. Kwijukira ubuhinga bushasha bwiswe Microbicides, abafasoni bazoshobora gukoresha kugira ngo nti bandure umugera wa Sida igihe bariko bararangura amabanga y’abubatse.
3. Guha imiti ipfupfahaza ingwara ya Sida abanyagihugu bose bagendana umugera wa Sida canke bamaze kugwara ingwara ya Sida, ata gusobanura,
4. Kugwanya ubukene kugira ngo abantu bagenda umugera wa Sida bashobore gufungura bihagije, kugira imiti bafata ntibagirire ingaruka mbi,
5. Gukora ibishobotse vyose kugira abantu bagwaye ingwara ya Sida bashobore kuronka umuganga aguma abakurikirana,
6. Gukwiragiza mu banyagihugu uburyo bwose bushasha bwo kwikingira ikiza ca Sida,.
7. Gusaba urwaruka kwigenza neza hamwe no kwipimisha umugera wa Sida,
8. Kwubahiriza agateka k’abantu bagendana canke bagwaye umugera wa Sida hamwe no kwirinda kubakumira,
9. Gusaba abahungu n’abagabo kugirisha circoncision
10. Kwihangana, kudahemukiranira, hamwe no gukoresha agakingirizo mu gihe cose abantu bariko barahuza ibitsina,
11. Kubandanya kurondera urucandago rw’ingwara ya Sida,
12. Guhimiriza ibihugu bikize kugirango bitange imfashanyo nyakuri y’amafaranga azokoreshwa mu kugwanya ikiza ca Sida,
13. Gusaba amahinguriro y’imiti kugabanya ibiciro vy’imiti ipfupfahaza ingwara ya Sida.

Mur’iyo nama twaraganiye kandi n’abatetsi, abashakashatsi, hamwe n’abantu bagenda umugera wa Sida;
Mu bantu twagiranye ibiganiro harimwo, umushikirangaji w’Uburundi ajejwe kugwanya ikiza ca Sida Triphonie Nkurunziza, umuyobozi ajejwe programe yo kugwanya ikiza ca Sida mu Burundi, umufasoni Jeanne Gapiya, aharanira ineza y’abantu bagwaye umugera wa Sida; muganga Michel Gasana arongoye ibiro bijejwe kugwanya igituntu mu Rwanda, muganga Athanase Kiromera, ajejwe program Pepfar – Aids Relief, umufasoni Mary Balikungeri, arongoye ishirahamwe riharanira ineza y’abafasoni mu Rwanda, Felicite Rwemalika, arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru w’abigeme rifise umugambi wo kugwanya ikiza ca Sida, umuyobozi w’ibiro vy’ishirahamwe bijejwe kugwanya ikiza ca Sida, umushingangahe Sy, umufasoni Frika Chia Iskandar avuka mu gihugu ca Indonesia, yari mu batumire bashikirije amajambo yo gutanguza iyo nama

Twobibutsa kw’iyo nama yari yitabwe n’abantu bashika ibihumbu mirongo ibiri na bine. Muribo harimwo abaskakashatsi, bama na ntaryo bariko bararondera imiti yo gutuza ikiza ca Sida, abagira neza banta imitahe yo kugwanya ikiza ca Sida, bari Bill Gates hamwe n’umutambukanyi wiwe Melinda Gates, President Bill Clinton yahoze atwara reta zunze ubumwe za Amerika, Richard Gere, umukinyi w’isenema kirangiranwa hamwe n’abandi benshi.

Inama mpuzamakungu ijejwe kugwanya ikiza ca Sida igira iya 17 izobera mu gihugu ca Mexique mu mwaka w’ibihumbi bibiri n’umunani.

XS
SM
MD
LG