Uko wahagera

Amakenga kw'ifatwa ry'abanyepolitike mu Burundi



Abashingwamanza babiri Bernard Mingain na François Nyamoya baheruka gusohora itangazo. Mur’iryo tangazo, umushingwamanza maitre Bernard Mingain asanzwe akorera i Bruxelles mu gihugu c’Ububiligi, afadikanije na mugenzi we Francois Nyamoya mu kuburanira Alphonse-Marie Kadege, bemeza ko ifatwa rya Alphone Kadege na Domitien Ndayizeye ryaciye mu gikenye ca leta, kandi ko ritisunze amategeko.

Abo bashingwamanza babona yuko ifatwa ry’abo bantu amategeko abanje guhonyangwa, ryerekana yuko n'abandi banyepolitique batavuga rumwe na leta bashobora gufatwa.

Abo bashingwamanza barongera bakavuga k’ubwigenge bw’itangazamakuru n’amaradiyo, biri mu bintu bikuru bikuru vyerekana intwaro ibereye. Bavuga ko n’ubutungane butagishemeye, ivyo bakabivuga bishimikije akarorero k'ishami rya radio yigenga RPA i Ngozi riherutse kwugarwa.

Ku bijanya n’ifatwa ry’abanyepolitique bamwe bamwe, abo bashingwamanza bavuga kw’ivyo bishitse mu gihe bigaragara kw’intwaro y’igihugu iriko isa n’iyisubira ku ntwaro z’agacinyizo zahahora. Bakibutsa amakungu ko mu bihe nk’ivyo, ata butungane bwigenga bushoboka. Ivyo bikaba bijanye n’ingene igipolisi cokora, mu kwubahiriza amategeko n’ingingo ziba zafashwe n’ubwo butungane.

XS
SM
MD
LG