Uko wahagera

Gukingira Ikiyaga Tanganyika mu Burundi


Mu Burundi, kw’ igenekerezo rya mirong’ itatu na rimwe ukwezi kw’ indwi kwarangiye, haratanguye ibikogwa vya mbere bizomara indwi imwe vyo guhimiriza abantu gukingira ikiyaga Tanganyika.

Ikiyaga Tanganyika, ari na co ca kabiri mu bunini mu biyaga biri muri Afrika, gikikijwe n’ ibihugu bine, ari vyo Uburundi, Tanzaniya, Republika Iharanira Demokrasi ya Congo na Zambia. Ivyo bihugu bine mu mwaka w’ ibihumbi bibiri na kane bikaba vyarateye igikumu ku masezerano yo gukingira ikiyaga Tanganyika, amasezerano ivyo bihugu bitashoboye gushira mu ngiro.

Umushikiranganji ajejwe ibidukikije mu Burundi, umupfasoni Odette Kayitesi avuga ko bimutey’ amakenga cane rwose kubona ukugene ikiyaga Tanganyika kibandanya cononekara kandi ar’ ikigayaga ivyo bihugu bine bizeyeko vyinshi mu bintu bikenewe mu buzima bw’ abanyagihugu.

Nk’uko umushikiranganji Kayitesi yabimenyesheje mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, ngo iciyumviro co gutunganya ivyo bikogwa vyo gukingira ikiyaga Tanganyika, ibikogwa bizokwama biba uko umwaka utashe, yakigize mu ntumbero yo kwumvisha Umurundi wese eka n’umuntu wese aba mu Burundi, ko ategerezwa kugira uruhara mu gusukura no kubungabunga ikiyaga Tanganyika.

XS
SM
MD
LG