Uko wahagera

Ikibazo c’ Abana Baba mw’Ibarabara n’Ikibazo Giteye Amakenga Cane


Ikibazo c’abana baba mw’ ibarabara badafise imiryango n’ ikibazo gitey’ amakenga cane mu bihugu bitari bike kw’ isi, cane cane mu bihugu vyabayemwo ingwano. Mur’ ivyo bihugu abana benshi babaye impfuvyi kubera babuze abavyeyi babo mu ngwano canke abavyeyi babo barahitanywe n’ ikiza c’ ingwara ya Sida.

Abo bana bo mw’ ibarabara ntibafise ikibabungabunga n’ ikibashira mw’ ishure. Ivyo nivyo vyahagurukije mugenzi wacu Auriane Ntahomvukiye, arongora ikiganiro c’urwaruka Ejo Bite mu Kirundi kw’ iradiyo Ijwi rya Amerika, akaja mu Burundi aho agiye kugerageza gufasha bamwe mur’ abo bana.

Mu mwaka uheze Auriane yatashe mu Burundi mu kiruhuko hari haheze imyaka icumi atajayo. Auriane avuga ko ukugene yabonye abana bo mw’ ibarabara babayeho mu Burundi, cane cane kubona badafise uburyo bwo kuja mw’ ishure, vyamubabaje cane. Avuga ko ivyo vyatumye aca avayo afashe ingingo y’ uko azotegerezwa gukora ivyo ashoboye kugira arabe ukugene yofasha abo bana.

Asubiye muri Amerika niho Auriane yaca atangura gutegura “ Defile de Mode “ izobera I Bujumbura mu Burundi kw’ igenekerezo rya cumi na kabiri z’ ukwezi kw’ umunani mur’ uyu mwaka w’ ibihumbi bibiri na gatandatu. Auriane ati:

“ Intumbero y’ ivyo birori n’ iyo kunezereza abantu, ariko bakanezeregwa bibuka ikibazo c’ abana bo mw’ ibarabara, biyumvira n’ ico umwe wese yokora kugira afashe.”

Amafaranga azotozwa mu kuja kurorera ivyo birori azokoreshwa mu gufasha bamwe mu bana bo mw’ ibarabara bo mu Burundi.

XS
SM
MD
LG