Uko wahagera

Uburundi Buriko Burategura Umugambi wo Kugwanya Akamangu k’Inkoko


Abahinga b’Abarundi bakwirikiranira hafi amagara y’ibikoko bariko baratunganya umugambi wo kugwanya ingwara bita akamangu k’inkoko, «grippe aviaire » mu rurimi rw’Igifaransa.

Nk’uko muganga Pierre Claver Bazombaza akora mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu abisigura, uyo mugambi uramaze kwandikwa, bakaba bawushikirije ubushikiranganji bujewe amagara y’abantu n’ubw’uburimyi n’ubworozi.

Ariko rero hasigaye yuko leta itanga isango ryo kwemeza uyo mugambi, kugira leta ice itangura gusaba amahera mu mashirahamwe mpuzakaungu yo gukingira inkoko umugera w’akamangu k’inkoko. Muri uyo mugambi, Uburundi bushira imbere ivyo gucandaga, kuko ataborora cane inkoko nko mu bihugu vya Bulaya bahari.

«Twebwe dushira imbere gucandaga gusa, niyo uyo mugambi waja mungiro. » Bimenyeshwa na muganga w’ibitungwa,Tama Evariste, akora mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi .

Uyo muganga w’ibitungwa amanyesha kandi y’uko ubu Uburundi ata bwoba bufise yuko indwara y’akamangu k’inkoko gashobora kuza i Burundi kuko inyoni batitinya zava i Bulaya zose zaragiye. Ariko bazosubira gutinya indwara nk’iyo mu kwezi kwa cenda, ukwicumi ; niyo igihe gikanye cane casubira gutangura i Bulaya.

XS
SM
MD
LG