Uko wahagera

Inama y’Abashikiranganji Yize Integuro y'Amategeko Mashasha Agenga Abamenyeshamakuru.


Mu mategeko mashasha agiye kugenga abamenyeshamakur i Burundi, biboneka yuko ivyo kworohereza abamenyeshamakuru bigiye kugabanuka.

Muri iyo nteguro y’itegeko rigenga abamenyeshamakuru ryaraye ryizwe um nama nshikiranganji kuruyu wa 12/7/2006, ntibitomoye neza ingene abamenyeshamakuru bazoronka impapuro zigenga umwuga wabo, ningene ubutegetsi buzokwirukana umumenyeshamakuru muri uyo mwuga.

Karenga Ramadani, umushikiranganji ajejwe amakuru , avuga yuko ayo mategeko mashasha azotuma abamenyeshamakuru bahindura ingendo yogukora , bagasonera Leta n’inzego , bagatanga inkuru y’imvaho.

Arikobamwe mu bamenyeshamakuru babona yuko amategeko mashasha aje gukandamiza abamenyeshamakuru , kuko muri kino gihe Leta ntishaka abayikebura cane cane kubibazo vyerekeye intwaro i bereye . Akarorero n’umumenyeshakuru Aloys kabura yagirizwa kuba yaravuze nabi abatwara mukabare ari mw’ibohero i Ngozi kuva kuwa 31 /5/2006.

Vyongeye, Leta yerekana yuko idashaka na gato yuko abatavuga rumwe na yo bagira ijambo. Akarorero , umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Hussein Radjabu yaratangaje um ntango z’umwaka 2006 kuri stade ati: “ Turashimiye iradiyo Isanganiro yama iduhera ijambo ibigaba”, ibigaba akaba yariko avuga imigambwe nka Frodebu imaze kwemanga yuko iri muri opposition.

XS
SM
MD
LG