Uko wahagera

Umushikiranganji w'Ubudandaji ngo Abategetsi Banyuruza Isukari Bahanwe.


Kuva umukuru w’uburundi Petero Nkurunziza atangaje yuko ikilo c’isukari kigurwa amajana indwi na mirongo itanu (750 fbu) isukari yaciye ikena . Ubu I kilo kigurishwa mukinyegreo amahera 1500 y’amarundi. Harinaho ukironka ku bihumbi bibiri . mucommune y’igisagara ca Bujumbura , kugira uronke isukari kukiyiko , ubanza kugura umukate.

Abajejwe intwaro muri commune Rohero bakaba bafashe umudandaza Olivier Gahungu , afise imifuko 55 y’isukari ya sosumo yayitekeye mumifuko y’umunyu uva muri Tanzaniya.Uyo mudandaza akaba ari umwana w’umukenguzamateka Générose Inakanyana.Umushikiranganji Denise Sinankwa akaba asaba ubutungane guhana abo bose baguma banyuruza isukari.

“Dusaba igipolisi kubandanya amatohoza, nibasanga umukenguzamateka Inakanyana anyuruza isukari , ace ahanwa n’amategeko”, bivurwa n’umushikiranganji ajejwe ubudandaji n’mahinguriro.Haheze ukwezi hafashwe muntara ya Ngozi isukari iri mumifuko yavuye mugihugu ca Malawi.Abadandaza bayifatanywe bakerekana fagitire yerekana yuko bayiguze kwa Inakanyana Générose. Ntamutegetsi numwe yagize ico abivugako.

Ariko abantu baguma bidoga kubera isukari inyuruzwa, ikagurishwa mubihugu duhana imbibe . Abandi badandaza bakayigurisha kugiciro c’umurengera.Abajejwe intwaro baguma bihoreye , bikerekana yuko babifisemwo uruhara.

XS
SM
MD
LG