Uko wahagera

Igisirikari c’Uburundi ngo Abasirikari ba FNL Bakomerekeje Abantu 3 mu Gatumba.


Abantu bitwaje ibirwanisho baraye bateye abanyagihugu kwibara riva mu Gatumba rija mugisagara ca Bujumbura , abantu batatu barakomereka . Nkuko igisirikare c’Uburundi kivyemeza , mubantu batewe harimwo n’abapolisi bacungera imbibe bari batahutse bavuye kukazi , kumupaka wa congo iharanira demokarasi . Mu vyo bari bafise ntaco babasigiye na cane cane uhereye kuriya ya matelephone ngendanwa.

Abantu bakomeretse bakomerekejwe n’amasasu yabo bitwaje ibirwanisho barasa hirya nohino mugihe bariko barasahura.Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Lieutenant Colonel Adolphe Manirakiza avuga ko abagize ico gitero ari abarwanyi ba FNL palipehutu ya Agathon Rwasa kuko ngo baciye basubira muri congo iharanira demokarasi ari naho bari bazananye.

Ico gitero cabaye hari haraye hafashwe abantu mu bakuru ba gisirikare muri uwo muhari. Abonabo ni Jean Berchmans Ndayishimiye, umugore azwi kw ’izina rya Blandine n’umucivile yitwa Pascal Nyangwete , ubu bakaba bariko babarizwa mubiro vy’iperereza.

Ahandi habereye kuruyu wa kane imirwano ni kwibarabara riva i Bujumbura rija i Gitega , ariko ntitwashoboye kumenya abahasize ubuzimma. Mugabo uruja nuruza kuri iryo barabara , rwahagaze isaha yose , abasoda bariko barasana n’abarwanyi ba FNL , aho bita kwa Muswahili.

XS
SM
MD
LG