Uko wahagera

Leta y’Uburundi na FNL Palipehutu ngo Bazabe Bumvikanye mu Byumweru 2


Intumwa za Palipehutu FNL na Leta y’Uburundi ntibarumvikana kumasezerano yoguhagarika indwano.Baraye bumvikanye gusa kurwandiko ruzotuma babandanya ibiganiro bizobashikana mundwi zibiri kumasezerano yo guhagarika intambara.

Umuvugizi wa Palipehutu FNL Pasteur Habimana yatangaje y’uko anezerwe kubona bashize igikumu kururwo rwandiko ruzotuma babandanya i biganiro.

Ariko rero ikibazo cerekeye gusambura ukundi gusha igisoda nico giteye ingorane kurusha ibindi. Nkuko umuvugizi wa perezida w’Uburundi Hafsa Mosi abisigura, Leta ntishobora kwemera yuko basubiramwo igisoda kandi carasubiwemwo hisunzwe amasezerano y’i Arusha mu mwaka w’ibihumbi bibiri. Palipehutu FNL na yo iti ni ngomwa gisamburwe, nkuko Pasteur Habimana adasiba kubivuga.

Petero Nkurunziza arongoye Uburundi naho yari yagiye yizeye yuko agiye gutera igikumu kumasezerano yo guhagarika intambara ntivyashoboka, aranezerewe n’intambwe yaraye ibaye muri Tazaniya.

Intumwa za Leta niza FNL zigiye kubandanya ibiganiro i Dar Es Salam muri Tanzaniya , kandi zihawe indwi zibiri kugirango zizobe zatosoye amasezerano yoguhagarika indwano .Munyuma abakuru bibihugu vya kano karere bazoca batumwako batere igikumu kuri ayo masezerano.

XS
SM
MD
LG