Uko wahagera

Umumenyeshamakuru wa ABP Afungiwe i Ngozi


Aloys Kabura, umumenyeshamakuru w’itorokanirizo ry’amakuru ABP akorera mu ntara ya Kayanza yaraye mw’ibohero i Ngozi.

Jean Paul Manwangari, umushikirizamanza wa republica mu Kayanza, amenyesha ko uyo mumenyeshamakuru wa ABP yafahwe kubera yavuze mu bunywero ku wa 20/4/2006 yuko abatwara ata vyo bazi.

Ariko imbere y’uko Aloys Kabura atabwa muri yompi, yaratubwiye yuko wewe yavuze ko leta itigenjeje neza aho yafunga abamanyeshamakuru barenga 30 mu rugo rw’umushingamateka Matiyasi Basabose ku wa 17/4/2006.

Aloys Kabura yafunzwe atubwiye yuko atigeze asamba imbere ya sentare, akaba atangazwa ningene yinjiye mw’ibohero ataraburana.

Si ubwa mbere umumenyeshamakuru Aloys Kabura afungwa. Mu kwezi guheze yari yatawe muri yompi aho mu Kayanza kubera yatangaje inkuru yerekeye abanyuruza isukari. Evode Ndayiziga arongoye ABP avuga yuko ku wa mbere Ruheshi ahava arungika umugwi gutohoza ingene ibintu vyaganze aho mu Kayanza.

XS
SM
MD
LG