Uko wahagera

Inama Mpuzamakungu y’Abashoramali Yaratanguye i Kigali mu Rwanda


Ku vyerekeye iyo nama, mugenzi wacu Fidele Niyongabo yaraganiye na Robert Bayigamba ayoboye ikigo c’abikorera ku giti cabo mu Rwanda ku kugene iyo nama iriko iragenda.

Robert Bayigamba yamenyesheje ko iyo nama yatanguye neza. Avuga ko yitabiwe n’abanyamitahe batari bake bavuye mu bice bitandukanye vyo kw’isi. Ngo akamaro bashobora kiyikuramwo ni kanini. Ngo hari imigambi itari mike itegekanijwe aho uruhara rw’abanyemali b’abanyamahanga ruzoba rukomeye nko mu vyerekeye gutwara abantu n’ibintu, ivyerekeye ingenzi, gucukura ubutare n’ibijanye n’ubuhinga bugenzweko bw’uguhanahana amakuru.

Robert Bayigamba yishimiye ko inama nkizo zizofasha kwihutisha iterambere mu Rwanda.

XS
SM
MD
LG