Uko wahagera

Umushikiranganji Ajejwe Kwivuna Abansi w’Ububiligi Ari mu Karere k’Ibiyaga Bigari.


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Ububiligi, André Flaut, yaraye ashitse i Burundi avuye muri Congo iharanira democarasi. Yasiguye yuko urugendo rwiwe ari urwo gukomeza ubucuti hagati y’Ububiligi n’ibihugu vy’Ibiyaga Binini.

I Burundi, André Flaut, yaratangaje yuko aje gukomeza ubucuti hagati y’ubushikiranganji bw’uburundi bwokwivuna abansi n’ubw’ababiligi. Umushikiranganji Flaut yaje yitwaje imfashanyo igizwe n’amatomoto atanu, ubwato butatu ya gisirikare.

Ariko icobikoze ivyo bikoresho yatanze birashaje cane, aca asigura yuko “ari intambwe” mugufasnaya hagati y’Uburundi n’Ububiligi mu vya gisirikare kuko imigenderanire muri ico gisata yari yahagaze mumwaka 1972.

Ubushikiranganji bwo wivuna abansi i Burundi bukaba bwamenyesheje yuko haheze amezi atandatu abanyeshure b’Abarundi biga ivya gisirikare basubiye kuja kwiga mu makaminuza akomeye yo mu Bubiligi, kandi hari n’abahinga baherutse kuza kwigisha ibisongerezi vy’abasoda b’Uburundi bashika 60.

André falaut yavuye i Burundi kuri uyu wa kane agana kandi I Goma muri Congo iharanira demokarasi.

XS
SM
MD
LG