Uko wahagera

Igipolisi Gikukira Perezida w’Uburundi Caraye Gifunze Abamenyeshamakuru 30


Bibaye ubwa mbere mu Burundi abamenyeshamakuru 30 bafungwa icarimwe amasaha ashika 8.

Abo bamenyeshamakuru bari bitavye ikiganiro umushingamateka Matiyasi Basabose yashaka kwisigura kubera aherutse gukugwa mu mugambwe CNDD-FDD.

Ikiganiro giheze, haciye haduka abapolisi bakora mu biro bijejwe iperereza, bashaka kwaka ku nguvu ibikoresho vy’abamenyeshamakuru, na bo baranka.

Mu nyuma abo bapolisi baciye batangura gukubita bamwe mu bamenyeshamakuru ba radiyo Isanganiro. Arcade Havyarimana akubitwa inkoho ku mutwe, Charles Nshimiye ahakwa kuraswa, Jeanine Nahigombeye bamutaburirako agahuzu, na yo Chantal Gatore we yarakubiswe aca aja mu bitaro.

Isaha zitanu z’ijoro ni ho abo bamenyeshamakuru barekurwa kandi ata na kimwe babwiwe, babona gutaha. Leta nubu ntaco irashikiriza, co kimwe n’ubushikiranganji bujejwe amakuru.

Ariko abajejwe agateka ka muntu, abashinzwe amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu bariyamiriza inyifato ya leta ishaka gutoteza abamenyeshamakuru.

Mugabo umukuru w’umugambwe uri kubutegetsi, Hussein Radjabu, yari yatangaje mu minsi iheze ati: «Gufunga abamenyeshamakuru, bayi !!!» Ariko siko biriko biragenda .

Aho bitangarije, ni ukugene abategetsi bo hejuru ba CNDD-FDD, Matiyasi Basabose na Hussein Radjabu bariko bapfa amaronko, bigaca bitandukira abamenyeshamakuru.

XS
SM
MD
LG