Uko wahagera

Ingwara Ifata Inkoko n'Inyoni: Ibibazo n'Ibisubizo


Gufungura amagi, inyama z’inkoko canke z’inyoni, vyoba bituma umuntu yandura umugera w’iyo ngwara ifata inkoko n’inyoni?

Habe namba, kurya inyama z’inkoko hamwe n’inyama z’ibindi bikoko biguruka, ntibituma umuntu yandura. Gushika ubu, nta kimenyetso na kimwe kirerekana kw’umuntu ashobora kwandura ingwara ituruka mu nkoko n’ibindi bikoko biguruka, bivuye kuvyo yafunguye. Twobamenyesha kandi kw’ umuntu ashobora kwandura gake iyo ngwara iciye mu muyaga.

Umugera w’ingwara ifata inkoko n’inyoni, woba ushobora kwandukira abantu uvuye mur’ivyo bikoko?

Umugera utera ingwara inkoko n’inyoni, urashobora kwandukira abantu uvuye mu nkoko canke mu nyoni. Uwo mugera urashobora kandi kwandukira umuntu biciye mu kirere, ariko bishika igihe umuntu akoze ku nkoko canke ku nyoni ifise uyo mugera kenshi, kandi mu gihe kirekire, akongera akaguma igihe kirekire ari kumwe n’inkoko canke inyoni yanduye, mu kibanza gitonya kandi cugaye, kirimwo imyanda yatawe n’inkoko canke inyoni igwaye.

N’ ibihe bimenyetso vy’ iyo ngwara ifata inyoni n’ inkoko ishobora no kwandukira abantu bita Grippe Aviaire mu ruri rw’ igifaransa?

Ibimenyetso vya mbere vy’ umugera mushasha utera ingwara ifata inyoni n’ inkoko ushobora no kwandukira abantu, bita Grippe Aviaire mu gifaransa, birashobora gusa n’ ibimenyetso vy’ingwara y’ inyonko isanzwe: umucanwa mwinshi (>39oC), kumeneka umutwe, gutonekara umubiri wose, uburuhe, gukorora no guhema nabi. Yamara, ibimenyetso vy’ uwo mugera mushasha birashobora kuza birahinduka, kandi harashobora no kwibonekeza ibindi bimenyetso.

Mu gihe umuntu agwaye iyo ngwara ifata inyoni n’ inkoko, iyo ngwara irashobora gukomera cane, nk’akarorero bivuye ku matwi yanduye imigera, canke amahaha yanduye imigera ikomeye.

Umugera utera ingwara ifata inkoko n’inyoni, ushobora kwandukira gute?

Iyo ngwara yandukira umuntu akoze ku nkoko canke izindi nyoni zanduye umugera ushobora gutera iyo ndwara. Umuntu ashobora kuyandura akoze ubwiwe kuri izo nkoko canke izo nyoni, canke agakora ku bibanza canke iminwe yacafujwe n’umwanda wazo. Yamara abantu bahuye n’uwo mugera ntibagwara bose. Bishika gake mu vy’ukuri kw’abantu bafatwa n’iyo ngwara ivuye mu nkoko n’izindi nyoni.

Yamara ugukwiragira kw’umugera utera iyo ngwara ifata inkoko n’inyoni, gushobora gutuma uwo mugera uzohinduka ku buryo uzoshobora kumenyera gufata abantu. Ivyo bikazotuma vyoroha kw’uwo mugera wandukira uvuye mu bantu uja mu bandi. Ivyo bizotuma rero, uyo mugera uhinduka ikiza kizokwiragira kw’isi nzima.

Mbega umuntu arashobora kwandukiza uwundi, umugera uva ku ngwara ifata inkoko hamwe n’inyoni, bakunda kwita, Akamangu k’inkoko?

Ego birashoboka kw’umuntu yandukiza uyo mugera uwundi muntu, yamara ivyo n’ibintu bishika gake cane. Nk’uko ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe amagara y’abantu OMS ribivuga, gushika kw’igenekerezo rya 30 ry’ukwezi kw’icenda mu mwaka w’2005, nta kintu na kimwe cari kimaze kwerekana kw’umuntu yashobora kwandukiza uyo mugera uwundi muntu, mu bihugu vyo muri Asia, aho iyo ngwara yari imaze gutera.

Mbega ingwara y’inyonko itaniye hehe n’iyo ngwara ifata inkoko n’inyoni?

Mu bisanzwe ingwara y’inyonko igwira cane cane mu bihe bikanye, mu gihe iyo ngwara ifata inkoko mu bice vyo kw’isi vyo mu bumanuko, igwirirana mu ci. Ku bantu bakarirwa n’ingwara y’inyonko, ishobora kubasinzikaza cane, yamara ku bantu benshi ingwara y’inyoko, ntaco ivuze.

Uko umwaka uheze ingwara y’inyonko irahinduka maze igakomera, ariko kubera ubuhinga bushobora gutuma abanonosoye ivyerekeye amagara y’abantu bagereranya ukuntu iyo ngwanra izoba yifashe, urucandago rushasha rw’iyo ngwara, rwama rwategekanijwe. Umugera w’ingwara y’inyonko uba utandukanye cane n’umugera w’ingwara ifata inkoko hamwe n’inyoni, kuko uyo mugera ufata inkoko wama uriko urahinduka cane ku buryo bitoroha gutegura urucandago rw’uyo mugera uguma uhindagurika cane.

Mu gihe umuntu avuye mu gihugu kirimwo iyo ngwara ifata inyoni n’ inkoko ishobora no kwandukira abantu, Grippe Aviaire, typeA(H5/N1)

Mu gihe umuntu avuye mu gihugu kirimwo inkoko zifise uyo mugera,
-akaba yaregereye abantu bagwaye iyo ngwara ya Grippe Aviaire canke inyoni n’ inkoko bikiri bizima, canke vyapfuye ( bidatetse),

- akaba inyuma y’ imisi cumi kuva aho aviriye mur’ ico gihugu, yumva afise ibimenyetso vy’ iyo ngwara ( umucanwa mwinshi, gutonekara umubiri wose, guhema nabi, gukorora, …), ni ngombwa kw’uyo muntu aca aja kwisuzumisha kwa muganga mu maguru mashasha.

Ingingo umuntu yofata muri rusangi kugira yikingire iyo ngwara:

- Kwirinda kuja ahari inkoko hamwe n’inyoni z’inyeshamba, cane cane inyoni ziba mu mazi.

- Gutandukanya inkoko hamwe n’imbata mu ruhongore, eka hamwe no gutandukanya ibindi bikoko, nk’ingurube.

- Kugira isuku hamwe no gupompa imiti yo gukura imigera.

- Gukoraniriza hamwe inyoni zinganya imyaka.

- Gukora ibishobotse vyose kugira ngo ibikoko hamwe n’abantu ntibije hamwe.


XS
SM
MD
LG