Uko wahagera

Umurwi wa Inter Star Wavuye mw’Ihiganwa ry’igikombe c’Imigwi Yabaye Iya Mbere Iwabo


Umurwi w’umupira w’amaguru w’igihugu ca Maroc, Raja de Casablanca, niwo wakuyemwo umurwi w’umupira w’amaguru w’uburundi Inter Star. Urukino rwanyuma rwabereye I Bujumbura, aho umurwi wa Inter Star watsinze ibitsindo bibiri kuri kimwe ca Raja de Casablanca.

Ariko murukino rwambere rwabaye kwigenekerezo ryambere kuno kwezi muri Maroc, Inter Star y’Uburundi yari yatsinzwe ibitsindo indwi vyose kubusa.

Ubu rero Inter Star itashe igeze mugice ca 16 gishira icanyuma. Abarorerezi bari benshi kuri stade y’i Bujumbura ariko ntacizere yuko Inter Star yari gushobora kugarura ibitego bishika indwi vyose.

Ukwo gutsindwa kwa Inter Star kwatumye umukuru w’uyo murwi Mathias Basabose aca abogozwa muri ayo mabanga, yagirizwa kuba atafashe neza amatungo y’uyo murwi, ubu akaba amaze no gusaba ko yokwinjira mu yundi murwi wa Flamengo .

XS
SM
MD
LG