Uko wahagera

Abashikiranganji Kayitesi, Buzoya na Mbonimpa Birukanywe muri Frodebu


Abashikiranganji batatu bahora muri leta kw’izina ry’umugambwe Frodebu birukanywe icese muri uyo mugambwe. Iyo ngingo yafashwe n’urwego nyobozi rw’umugambwe Frodebu kubera abo bashikranganji barahiye bakarengwa ko badatanga imihoho muri leta nkuko umugambwe ubibasaba.

Umukuru w’umugambwe Frodebu, umushingamateka Léonce Ngendakumana, asigura yuko iyo umunywanyi agiye kubiri n’amategeko agenga umugambwe, nta kindi kiba gisigaye atari ukumwirukana mu mugambwe.

Abobashikiranganji uko ari batatu nta numwe aragira ico ashikirije ariko ikizwi nuko bama bitavye amanama nshikiranganji. Ariko ababona ibintu n’ibindi bavuga yuko ubu hagiye gusubira kwaduka ivy’amababa muri Sahwanya Frodebu kuko hari inziraguhemuka ziteye kubiri n’iyo ngingo yo kwiyonjorora muri leta.

Umushingamateka Jean De Dieu Mutaba asanzwe ari mu rwego nyobozi rwa Frodebu yariyamirije iyo ngingo. Umukuru w’umugambwe Frodebu, Léonce Ngendakumana, yavuze asa n’ushavuye « Ivy’umushingamateka Jean De Dieu Mutabazi na vyo nyene tugiye kuvyiga vuba, kandi asa n’uwakuwe na we nyene mu mugambwe ».

Tubibutse yuko Frodebu yamenyeshe ko ikuye abashikiranganji bayo batatu muri leta kubera iyagiriza ko iguma ihungabanya agateka ka muntu kandi igahonyanga ibwirizwa nshingiro. Abashikiranganji bakuwe muri Frodebu ni :Odette Kayitesi ajejwe ibidukikije, Elie Buzoya ashinzwe uburimyi n’ubworozi na Muganga Barnabé Mbonimpa ajejwe amagara y’abantu.

XS
SM
MD
LG