Muri abo banyororo barekuwe n’itegeko nshikiranganji ryo kuwa 14 /3/2006 harimwo abanyororo 10 bagirizwa kuba baragandaguye Perezida Melchior Ndadaye mu Mwaka 1993, abanyororo 14 bari mu mirwi y’abasore b’Abatutsi bagandaguye abantu mu mabarabara i Bujumbura mu myaka yakwirikiye 1993, n’abandi 12 bo mu ntara ya Cibitoke biyitirira abarwanyi b’Abatutsi, abandi na bo bashika 1810 bagirizwa ubwicanyi bwo mu 1993.
Umushikiranganji Clotilde Niragira yatangaje yuko umurwi leta yashinze ngo utohoze mu mabohero atandukanye y’Uburundi yuko hari abafungwa ba politique warangije akazi kawo. Mugabo nihaba hari abanyororo bibaza yuko bari mu bafungwa ba politique basigaye bafunzwe, bazoheza bandikire umukuru w’uyo murwi, hanyuma uyo murwi uzokwiga ikite y’umwumwe.
Ku kibazo cuko hari amashirahamwe atatu aherutse kwitwara muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga yuko ingingo z’umushikiranganji zo kurekura abanyororo ba politique ziciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, umushikiranganji Niragira avuga yuko arindiriye ico iyo sentare izokwishura.
Tubibutse yuko abafungwa leta yita abapolitique batanguye kurekurwa kuva mu kwezi kwa mbere umwaka 2006, aba mbere barekuwe mu kwezi kwa mbere, abakabiri mu kwezi kwa kabiri, abanyuma barekuwe kuri uyu wa 14 /3/2006; bose bakaba bangana 3262.