Uko wahagera

Abarundi Baba Hanze Babayeho Gute?


Kubera ingwano yamaze imyaka irenga icumi mu Burundi, igitigiri c'Abarundi baba mu mahanga cariyongereye, abana benshi b'Abarundi bakaba baranavukiye mu mahanga. Abarundi batari bake baba mu mahanga baratanguye kuja hamwe mu mashirahamwe mu twigoro two kugerageza kugumya akaranga kabo.

Mugenzi wacu Frederic Nkundikije yaragize ikiganiro n'umushingantahe Janvier Nahimana aba mu gihugu c'Ububirigi aho arongoye rimwe mu mashirahamwe y'urwaruka rw'Abarundi.Janvier Nahimana yari mu regendo muri Amerika aho yahuye n'Abarundi baba mu bisagara binyuranye vyo muri Amerika bamuyagiye ukugene babayeho.

Janvier Nahimana yavuze ko uko yabonye Abarundi babayeho muri Amerika azosubira inyuma mu Bubirigi akabigereranya n' ukugene Abarundi babayeho mu bihugu vyo Buraya. Ivyo biri mu bikogwa vy'ishirahamwe Janvier Nahimana arongoye, ishirahamwe riharanira gushira hamwe Abarundi aho bari hose bakamenyana biciye mu buhinga bwa none bwo guhanahana amakuru, Internet.

Umushingantahe Janvier Ntahomvukiye yavuze ko Abarundi aho bari hose bakwiye kumenyana bakaza barahanahana ivyiyumviro bungurana ivyiyumviro, cane cane ku kugene bogumana umuco n'akaranga vy'Uburundi aho bari hose, ku kugene bobandanya bakurikirana ibiba mu Burundi, no ku kugene boterera agacumu k'ubumwe mw'iterambere ry'igihugu cabibarutse,Uburundi.


XS
SM
MD
LG