Uko wahagera

Abarundi Basabwe Gufashanya mu Kibazo cy'Ikigoyi


Igihugu c’ Uburundi ni kimwe mu bihugu vyo mu karere ka Afrika yo hagati n’ubuseruko bisinzikajwe n’ikogoyi kubera uruzuba rwinshi. Abantu batari bake baramaze gupfa, abandi benshi barahunga, abana barava mu mashure kubera ata tuguvu two gukurikira bagifise.

Reta y’ igihugu c’Uburundi iheruka kwemera no gutangaza icese ko har’ intara zitanu zisinzikajwe n’ inzara mu Burundi. Umukuru w’ igihugu c’ Uburundi Petero Nkurunziza akaba yaciye ashiraho itegeko ry’ uko abarundi bose, baba abato canke abakuze, bategerezwa kuzoterera mu mezi ane ar’ imbere, mu kigega co gufasha abantu baba mur’izo ntara zitanu zisinzikajwe n’ ikigoyi mu Burundi.

Mu kiganiro umupfasoni Hafsa Mosi, umuvugizi w’umukuru w’ igihugu c’Uburundi, yahaye Ijwi rya Amerika, yavuze ko umukuru w’ igihugu yashizeho iryo tegeko kugira agatima k’Abarundi ko gukundana no gufashanya kamyeho kuva kera kagaruke, hanyuma Uburundi buzoje gusaba imfashanyo hanze butanguye kwerekana ko bushaka kwifasha bwo nyene.

Umupfasoni Hafsa Mosi yavuze kandi ko reta y’ uburundi ifise imigambi myinshi yo kugerageza gutorera umuti ikibazo c’ uruzuba rwinshi n’ inzara mu Burundi. Yavuze ko umugambi umwe ukomeye muri yo ar’ uwo kwigisha abanyagihugu uburyo bwiza bwo kurima, kwigisha abarundi uburimyi bwa kijambere.

XS
SM
MD
LG