Uko wahagera

Abasirikari ba ONUB Batangiye Gutahuka


Abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bari i Burundi bariko baratahuka kubera amahoro ariko aragaruka i Burundi.

Kuri uyu wa 22/02/2006 abasirikare ba ONU baturuka muri Kenya 270 ni bo batahutse. Abasirikare baturuka muri kenya bose ni 816, abasigaye bakaba bazotahuka ku maganenekerezo ya 24 na 26 uku kwezi kwa kabiri.

Inkuru ziva mw’ishirahamamwe mpuzamakungu ONU i Burundi zemeza yuko hazosigara abapolisi 80 baturuka muri Kenya mugabo nta sango rizwi
ryatanzwe.

Mu Burundi bwose hasigaye abasoda b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bashika 5325 bari ku gataka k’uburundi kuva mu mpera z’umwaka wa 2004.

Itahuka ry’abobasoda ba ONU i Burundi riri mu ntumbero yo kwubahiriza ivyasabwe na leta y’Uburundi yuko abasoda ba ONU bose boba batashe iwabo gushika ku bice 40% mu mpera z’ukwezi kwa kane uno mwaka.

Umusirikare wanyuma wa ONU i Burundi bitegekanijwe yuko azova i Burundi mu mpera z’uno mwaka wa 2006.

Tubibutse yuko mu kwezi kwa 12 umwaka uheze hatashe abasoda 175 baturuka muri Mozambique.


XS
SM
MD
LG