Uko wahagera

Imyuzure i Bujumbura Yahitanye Umwana Mutoya


Umwana afise imyaka iri hagati y’umunani na cenda yishwe n’imvura yaguye ku murango wo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 22/2/2006 muri commune ya Nyakabiga, mu gisagara ca Bujumbura.

Aho muri commune ya Nyakabiga hasambutse n’inzu imwemu gihe hari n’amabati y’amazu amwe amwe hagati mu gisagara ca Bujumbura yagurutse. Gushika k’umugoroba w’ijoro amazi atari make yari akiri mu mazu hagati y’igisagara ca Bujumbura.

Iyo imvura iguye umwanya muto mu gisagara ca Bujumburanta muntu n’umwe ashobora kugenda n’amaguru ngo ajabuke ibarabara. Usanga amamodoka matomato yamizwe, ayandi vyanse yuko arengana; muri make harengana imodokari zihagurutse.

Aho bamwe baba bagowe abandi baba bejeje kuko kugira abantu bita abakarani bisumamwo bakujabutse ibarabara utanga amahera angana n’amajana atanu. Abo basore mubona kuri iyo sanamu bariko babaza aberengana yuko batobajabutsa ku mafaranga.

Abantu baribaza ingene igisagara ca Bujumbura gitunganijwe kuburyo imvura y’akanya gato ihagarika ubuzima bw’igisagara. Mbega imvura yorwa iminsi ibiri , igisagara cose cotwarwa.

Hakenewe yuko abajejwe igisagara bozibura imiserege kugira amazi, cane cane y’imvura, abone aho atembera.

XS
SM
MD
LG