Uko wahagera

Ubushikiranganji bw’Ubutungane Bwaraye Burekuye Abandi Bafungwa Ba Politique 780


Bubaye ubugira kabiri kuva umwaka 2006 utanguye ubushikiranganji bw’ubutungane burekura abafungwa leta yise abapolitique. Ingingo yo kurekura abandi bafungwa ni 550/116 yo ku wa 10 Ruhuhuma 2006, ikaba yashizweko igikumu n’umufasoni Clotilde Niragira arongoye Ubushikiranganji bw’Ubutungane.

Abanyororo baraye barekuwe bangana 780. Amajana 3 na 47 bahora bafungiwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Gitega, 399 i Ngozi, 4 bahora mw’ibohero ryo muri Rumonge, mu ntara ya Bururi.

Aba bafungwa barekuwe bagira kabiri kuko mu ntango y’ukwezi kwa mbere uno mwaka hari harekuwe abashika 673. Ingingo yo kurekura abanyororo leta yita abapolitique yatumye amashirahamwe y’agateka kazina muntu ayiyamiriza ; abarongoye umugambwe Sahwanya Frodebu bati iyo ngingo yari yaratevye, na yo umugambwe Uprona ukamenyesha ko ingingo nk’iyo iri kubiri n’amasezearano y’amahoro y’i Arusha.

Pie Ntakarutimana asanzwe ari icegera ca kabiri c’ishirahamwe mpuzamakungu rigwanira agateka ka zina muntu amenyesha ko leta isa n’iriko ishira imbere ukudahana.

XS
SM
MD
LG