Uko wahagera

Mu Burundi Isukari ya Sosumo Isa nk'Iyahariwe Abadepite ba CNDD-FDD


Zuberi Ntahomvukiye, Inakanyana Générose, Philippe Ntahirija, Phocas Ngayabihema, Cyrille Ntezahorirwa, Nzeyimana Christiane na Rufogori Lazarre, abo n’abadandaza bagenywe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro ngo baje kurangura isukari muri Sosumo, hanyuma bace bayikwiragiza muntara z’Uburundi bwose.

Ariko ishavu riraniga mw’ishirahamwe ry’abadandaza 156 bahora barangura iyo sukari mw’ihinguriro Sosumo. Uko ari 156 baciye bandikira umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro, umufasoni Denise Sinankwa, bamumenyesha yuko bababajwe no kubona babakuye muri uyo mwuga kandi ata makosa babagirije.

Muri urwo rwandiko abo bandandaza bongera bamenyesha umushikiranganji yuko muri abo badadanza bashasha 7 bagenywe, benshi ari abakenguzamateka n’abashingamateka baturuka m’umugambwe CNDD-FDD uri k’ubutegetsi. Bati:

“Birababaje kubona abakenguzamateka twatoye, twizigiye ko bazoduteza imbere, none tugiye tubona yuko ari bo bahawe isukari, baranarengerezwa amatonnes.....Ako ni akarenganyo kariko akamaramaza”.

Mu kwezi guheze umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro, umufasoni Denise Sinakwa yari yatanganje yuko hagiye gushingwa amadepo y’isukari i Ngozi, Gitega, i Gihofi, n’i Bujumbura, abadandaza b’isukari bakabona kuja kuyirangurira muri ayo madepo.

Abadandaza bo mu ntara ya Bujumbura-Rural, muri commune ya Rumonge, mu ntara ya Bururi, i Bubanza, mu ntara ya Muramvya na Cibitoke, bazorangurira isukari, muri muri depo iri muri mairie ya Bujumbura. Abandaza bakuru b’iyo sukari na bo ni Umukenguzamateka wa CNDD-FDD, Inakanyana Générose, na Phocas Ngayabihema na Nzeyimana Christiane.

Abandandaza na bo mu ntara ya Gitega, Karuzi, Cankuzo, Mwaro na Ruyigi, bazorangurira muri depo iri mu ntara ya Gitega. Abazokura isukari muri Sosumo na we akaba ari umudandaza w’umushingamateka wa CNDD-FDD Zuberi Ntahomvukiye, na Philippe Ntahiraja asanzwe ari umugenzi pfampfe w’umuyobozi mukuru wa Sosumo, Damiyano Fyiroko.

Abadandaza b’isukari mu ntara za Muyinga, Ngozi, Kirundo na Kayanza, bazoyikura muri depo iri i Ngozi. Umudandaza mukuru azokura isukari muri Sosumo ni umushingamateka wa CNDD-FDD Cyrille Ntezahorirwa.

Abandadanza isukari mu ntara ya Bururi, Makamba, Rutana, bazoyukura, muri depo iri i Gihofi, ikazorangurwa na Rufogori Lazarre.

Ishirahamwe ry’abadandaza bashika 156 risaba yuko iyo ngingo yohava, ryemerewe n’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ryo kuwa 25/7/2005.

Tubamenyeshe ko mu ntara zitari nke z’Uburundi n’ubu abadandaza batarubahiriza igiciro c’isukari umukuru w’igihugu yashinze ku wa mbere Nzero uno mwaka aho yatangaje yuko ikilo c’isukari kitarenza 750 y’amahera y’Amarundi. Nko mu ntara ya Ngozi, ikilo c’isukari kirashika ku gihumbi n’amajana atanu 1500 FRBU, iyo naho nyene yabonetse!

XS
SM
MD
LG