Uko wahagera

Abantu Bambaye nk'Abapolisi Bagandaguye Patiri Eliya Koma na Major Ruguraguza


Igitero cahitanye abo bantu cabereye muri commune ya Kanyosha iri mu maja epfo y’igisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishira umunsi w’imana, isaha zibiri zijoro.

Muri ico gitero hasize ubuzima abantu bane: Patiri Eliya Koma,Ntiruguraguza, intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi afise ipete rya Major, umufasoni wiwe, n’umwe mu bateye, akaba yarishwe, ariko ntawuzi Uwamurashe.

Abantu benshi bariko barivuna akanyota mubunywero buri muri commune ya Kanyosha, mu gisagara ca Bujumbura, hanyuma haca haduka abagabo bafise umwambaro w’igipolisi c’Uburundi, babanza kwaka amahera abari mu bunywero bose, mu nyuma niho baca bica Major Ruguraguza be n’umufasoni wiwe. Patiri Koma Eliya na we yaguye mu mutego w’abo bagabo ariko aratahuka imuhira iwe, aciye kuri iryo barabara, niho na we baca bamurasa. Patiri Koma Eliya yari m’umuryango w’abapatiri bita Abajesuite.

Major Adolphe Manirakiza avugira igisoda c’Uburundi yamenyesheje yuko ataramenya abagize ico gitero. Mugabo hari inkuru zitubwira y’uko coba cagizwe n’abarwanyi ba Palipehutu FNL irongowe na Rwasa Agaton.

Mu minsi iheze, umuvugizi w’igisirikare yari yatanze icegeranyo aho amenyesha ko Palipehutu FNL ata nguvu igifise. Itohoza ryatanguye kugira abantu bamenye abo bagize ico gitero abo ari bo.

XS
SM
MD
LG