Kuri uyu wa kane mu gatondo, igisirikare c’Uburundi cerekanye abarwanyi ba Palipehutu FNL 30 bahora barwanira muri Republica Iharanira Democratie ya Congo baherutse kwishikana mu minwe y’igisirikare ca leta.
Mw’ikambi y’abapolisi mu Kigobe, aho abo barwanyi baberekaniye, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Major Adolphe Manirakiza, yasiguye y’uko imigenderanire hagati y’Uburundi na Congo ubu yifashe neza, ari na co gituma abarwanyi ba FNL bari ku gataka ka Congo baguma bishikana.
Muri abo bishikanye, harimwo intwazangabo imwe , ikaba imenyesha y’uko yahevye intambara kubera yumvise akamo k’umukuru w’Uburundi, Petero Nkurunziza, aherutse kubatera mu mpera z’umwaka uheze, aho yabasaba guheba indwano bakaza kwubaka igihugu cabibarutse.
Bamwe muri abo barwanyi bishikanye basaba y’uko bobashira mu gisoda gishasha, ariko umuvugizi wa gisirikare, Major Adolphe Manirakiza, we akamenyesha ko ivyo ari ibintu vyo kwiga.
Tubibutse ko muri kuno kwezi kwa mbere kwaraye kurangiye, igisoda c’Uburundi cemeza y’uko cafashe inkoho 39, amabombe 47, amasasu yababa ibihumbi bitatu, hamwe n’ imiti myinshi cane abarwanyi bakoresha.
Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi abandanya avuga y’uko abasirikare batanu bishwe mu bikorwa vyo guhiga abarwanyi ba Palipehutu FNL, abandi 14 na bo agakomereka.
Haheze amezi ashika kuri abiri atamuntu ashobora kumenya aho umuvugizi w’umuhari Palipehutu FNL, Pasteur Habimana ageze, kandi biranavugwa y’uko uyo muhari ushobora gufatwa nk’iyindi mihari amakungu yaciriye ivomo, nk’Interahamwe .
I Bujumbura, inkuru umuntu yo kwizera, zemeza y’uko leta y’Uburundi idashobora kuganira n’uyo muhari, ahubwo ko iriko iritegura kugira uyo muhari utsindwe ku rubuga rwa gisirikare.
>